{"id":10373,"date":"2023-06-16T19:06:00","date_gmt":"2023-06-16T19:06:00","guid":{"rendered":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko"},"modified":"2023-06-16T19:06:00","modified_gmt":"2023-06-16T19:06:00","slug":"abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko","status":"publish","type":"post","link":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/toutes-les-actualites\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko","title":{"rendered":"Abadandaza bo mw\u2019ibarabara : bakubiswe bakiriko?"},"content":{"rendered":"<p><span style=\"color: #ff6600\"><strong>Africa-Press &#8211; Burundi. <\/strong><\/span>Nta musi n\u2019umwe wijana ata mukenyezi afashwe agasanzarizwa utwo ariko aradandaza harya hafi y\u2019ibituro vy\u2019amabisi mu gisagara hagati. Ugize utya, ubona abantu baca mu mirongo biruka bakinjakinja binyegeza abapolisi. None uko gushamirana n\u2019ugucenganwa bizohera ryari ? Bizohezwa n\u2019iki ? Turabire hamwe ubuzima bwa barya bagore banda ibintu hasi mu mabarabara n\u2019ico basaba.<\/p>\n<p>Ku wa 31 Rusama 2023, isaha cumi zo ku mugoroba, akazuba kakiri kose, isinzi ry\u2019abantu imbere y\u2019i banki BCB ryari rikikuje umugore yariko aniganira utwamwa twiwe n\u2019abapolisi ataka atakamba. Ntibitevye, za nyamiramabi zirahava ziramunyaga utwiwe zimusiga yaya amaboko.<\/p>\n<p>Ntambutse gatoya imbere y\u2019ikibanza \u00ab Plaza \u00bb, ngize ntya mbona uwundi mukenyezi yariko yidandariza indimu araba hirya no hino umutima utari mu nda. Maze kumugurira indimu akampa n\u2019inyongera niko kumuyagisha arambwira ko akazina kiwe ari Odetta niko kunyiganira ubuzima bwiwe.<\/p>\n<p><b>Ni ukwita nta kundi<\/b>Odetta afise imyaka 26 akaba afise abana batatu. Imfura ni yo yiga abandi ntibaratangura ishure. N\u2019akamwemwe n\u2019akuya yari afise ati : \u00ab mfura yanje ifise imyaka 8 igiye mu wa kane nayo n\u2019incabwenge ntiworaba \u00bb.<\/p>\n<p>Umugabo wa Odetta yaritavye Imana kandi ntaco yamusigiye. Uwo mupfasoni ategerezwa kwiyunguganya uko ashoboye. Ku musi akoresha umutahe w\u20195 000 y\u2019amarundi akunguka 3 000 kugira aronke ay\u2019agafu k\u2019abana. Akagira ati: \u00ab Aha Imana mfise nuko baduhaye indaro aho tubaye nta n\u2019ayo kuriha inzu noronka. \u00bb<\/p>\n<p>Naho biri uko, ubuzima bwa misi yose aho adandariza ntibworoshe na mba. Iyumvire namwe. Mu ndwi iheze abapolisi baramwirukanzeko ahakwa no kuhasiga ubuzima. Yamaze imisi aryamye muhira no kwicara atabishobora.<\/p>\n<p><b>N\u2019inda zirakoroka<\/b>Nkiganira na Odeta, Mariya yanda iruhande yiwe niko kunyongorera ko babangamiwe ; ko haciye imisi inyamiramabi ziza zirabirukako uko nyene ugasanga basubiye muhira amaboko masa. Mariya umugabo wiwe yahoze yiyunguganya mu kunyonga tukutuku ariko ngo ubu ntaco akora, ari co gituma yemera agatimba akaba muri ubwo buzima bwo kudandaza mw\u2019ibarabara.<\/p>\n<p>Uwo mukenyezi n\u2019intuntu nyinshi anyiganira ati : \u00ab Nka ryari hariho umuvyeyi yibungeze bakubise imigere mu nda yari yanse kubaha amavoka aca aja kwa muganga umwana yari yibungeze aca aritaba Imana \u00bb. Mariya aheza avuga ko ivyo bitababuza kubandanya. Agira ati : \u00ab None ko tutari bwibe kugira turonke amafaranga turatimba tukabaho muri ubwo buzima. \u00bb<\/p>\n<p>Abo bapolisi bashaka ko abo badandaza boja ku yandi masoko nka za Cotebu canke Ngagara. Ariko abo bakenyezi nabo bakavuga ko amafaranga y\u2019ibibanza muri ayo masoko atayo boronka. Bobo bagasaba abo bapolisi kubafata neza nk\u2019uko bamwe muribo babigira atawo barinze kugirira nabi, bagatahura ko ari muri ubwo buryo gusa bashobora gutunga abana babo n\u2019imiryango yabo. Odeta ati : \u00ab N\u2019ibitansi twobitanga ariko batureke tugume mw\u2019ibarabara \u00bb.<\/p>\n<p>Uwize ivy\u2019amategeko Me Darnaud avuga ko urudandazwa rwose rurimwo amakori. Umuntu ariha muri Mairie canke OBR ariko barya badandaza mw\u2019ibarabara ntibariha amakori n\u2019amwe arico gituma birukanwa kuko nta ntumbero (cadre de travail mu gifaransa) bafise bokoreramwo. Arongera ati : \u00ab Iyo babatwaye ivyabo mu mategeko bavuga ngo ni \u201csaisie\u201d kugira babace intege. Ukwo kubangamirwa kwabo kuzogumaho niyo ata ngingo izoshirwaho ngo bakorere mu mategeko. \u00bb<\/p>\n<p>None ko abamererwa nabi bama bamerewe nabi, abahanwa bagahanwa, n\u2019abakuraho imvune bakazihakura ariko abo bakenyezi ntibahahe, ntimwumva ko hari imvo ibituma ? Icumvikana, ni uko inzego zibishoboye zikwiye kwicarira neza ico kibazo, maze mu mwumvikano n\u2019ineza y\u2019imiryango bakagiha intumbero ibereye, maze gucenganwa bigahagarara. Ahandi ho, amasanganya n\u2019amarira azoguma agwira.<\/p>\n<p><strong>Pour plus d&rsquo;informations et d&rsquo;analyses sur la <a href=\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\">Burundi<\/a>, suivez <a href=\"https:\/\/www.africa-press.net\/\">Africa-Press<\/a><\/strong><\/p>\n","protected":false},"excerpt":{"rendered":"<p>Africa-Press &#8211; Burundi. Nta musi n\u2019umwe wijana ata mukenyezi afashwe agasanzarizwa utwo ariko aradandaza harya hafi y\u2019ibituro vy\u2019amabisi mu gisagara hagati. Ugize utya, ubona abantu baca mu mirongo biruka bakinjakinja binyegeza abapolisi. None uko gushamirana n\u2019ugucenganwa bizohera ryari ? Bizohezwa n\u2019iki ? Turabire hamwe ubuzima bwa barya bagore banda ibintu hasi mu mabarabara n\u2019ico basaba. [&hellip;]<\/p>\n","protected":false},"author":82,"featured_media":10372,"comment_status":"open","ping_status":"closed","sticky":false,"template":"","format":"standard","meta":{"footnotes":""},"categories":[21,10],"tags":[36,48,45],"class_list":["post-10373","post","type-post","status-publish","format-standard","has-post-thumbnail","hentry","category-communaute","category-toutes-les-actualites","tag-africa-press","tag-africa-press-burundi","tag-burundi"],"yoast_head":"<!-- This site is optimized with the Yoast SEO Premium plugin v26.1 (Yoast SEO v27.0) - https:\/\/yoast.com\/product\/yoast-seo-premium-wordpress\/ -->\n<title>Abadandaza bo mw\u2019ibarabara : bakubiswe bakiriko? - Burundi<\/title>\n<meta name=\"robots\" content=\"index, follow, max-snippet:-1, max-image-preview:large, max-video-preview:-1\" \/>\n<link rel=\"canonical\" href=\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko\" \/>\n<meta property=\"og:locale\" content=\"fr_FR\" \/>\n<meta property=\"og:type\" content=\"article\" \/>\n<meta property=\"og:title\" content=\"Abadandaza bo mw\u2019ibarabara : bakubiswe bakiriko?\" \/>\n<meta property=\"og:description\" content=\"Africa-Press &#8211; Burundi. Nta musi n\u2019umwe wijana ata mukenyezi afashwe agasanzarizwa utwo ariko aradandaza harya hafi y\u2019ibituro vy\u2019amabisi mu gisagara hagati. Ugize utya, ubona abantu baca mu mirongo biruka bakinjakinja binyegeza abapolisi. None uko gushamirana n\u2019ugucenganwa bizohera ryari ? Bizohezwa n\u2019iki ? Turabire hamwe ubuzima bwa barya bagore banda ibintu hasi mu mabarabara n\u2019ico basaba. [&hellip;]\" \/>\n<meta property=\"og:url\" content=\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko\" \/>\n<meta property=\"og:site_name\" content=\"Burundi\" \/>\n<meta property=\"article:published_time\" content=\"2023-06-16T19:06:00+00:00\" \/>\n<meta name=\"author\" content=\"cfeditorfr\" \/>\n<meta name=\"twitter:card\" content=\"summary_large_image\" \/>\n<meta name=\"twitter:label1\" content=\"\u00c9crit par\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data1\" content=\"cfeditorfr\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:label2\" content=\"Dur\u00e9e de lecture estim\u00e9e\" \/>\n\t<meta name=\"twitter:data2\" content=\"3 minutes\" \/>\n<script type=\"application\/ld+json\" class=\"yoast-schema-graph\">{\"@context\":\"https:\/\/schema.org\",\"@graph\":[{\"@type\":\"Article\",\"@id\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko#article\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko\"},\"author\":{\"name\":\"cfeditorfr\",\"@id\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/#\/schema\/person\/2b1cf3cd81a31e3cd26889ca66d677f1\"},\"headline\":\"Abadandaza bo mw\u2019ibarabara : bakubiswe bakiriko?\",\"datePublished\":\"2023-06-16T19:06:00+00:00\",\"mainEntityOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko\"},\"wordCount\":554,\"commentCount\":0,\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/static.africa-press.net\/burundi\/sites\/47\/2023\/06\/Jokar1686929807.272552.jpg\",\"keywords\":[\"Africa Press\",\"Africa Press-Burundi\",\"Burundi\"],\"articleSection\":[\"Communaut\u00e9\",\"Toutes les actualit\u00e9s\"],\"inLanguage\":\"fr-FR\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"CommentAction\",\"name\":\"Comment\",\"target\":[\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko#respond\"]}]},{\"@type\":\"WebPage\",\"@id\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko\",\"url\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko\",\"name\":\"Abadandaza bo mw\u2019ibarabara : bakubiswe bakiriko? - Burundi\",\"isPartOf\":{\"@id\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/#website\"},\"primaryImageOfPage\":{\"@id\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko#primaryimage\"},\"image\":{\"@id\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko#primaryimage\"},\"thumbnailUrl\":\"https:\/\/static.africa-press.net\/burundi\/sites\/47\/2023\/06\/Jokar1686929807.272552.jpg\",\"datePublished\":\"2023-06-16T19:06:00+00:00\",\"author\":{\"@id\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/#\/schema\/person\/2b1cf3cd81a31e3cd26889ca66d677f1\"},\"breadcrumb\":{\"@id\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko#breadcrumb\"},\"inLanguage\":\"fr-FR\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"ReadAction\",\"target\":[\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko\"]}]},{\"@type\":\"ImageObject\",\"inLanguage\":\"fr-FR\",\"@id\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko#primaryimage\",\"url\":\"https:\/\/static.africa-press.net\/burundi\/sites\/47\/2023\/06\/Jokar1686929807.272552.jpg\",\"contentUrl\":\"https:\/\/static.africa-press.net\/burundi\/sites\/47\/2023\/06\/Jokar1686929807.272552.jpg\",\"width\":2560,\"height\":1707,\"caption\":\"Abadandaza bo mw\u2019ibarabara : bakubiswe bakiriko?\"},{\"@type\":\"BreadcrumbList\",\"@id\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko#breadcrumb\",\"itemListElement\":[{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":1,\"name\":\"Accueil\",\"item\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/\"},{\"@type\":\"ListItem\",\"position\":2,\"name\":\"Abadandaza bo mw\u2019ibarabara : bakubiswe bakiriko?\"}]},{\"@type\":\"WebSite\",\"@id\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/#website\",\"url\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/\",\"name\":\"Burundi\",\"description\":\"Just another Africa News Agency Sites site\",\"potentialAction\":[{\"@type\":\"SearchAction\",\"target\":{\"@type\":\"EntryPoint\",\"urlTemplate\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/?s={search_term_string}\"},\"query-input\":{\"@type\":\"PropertyValueSpecification\",\"valueRequired\":true,\"valueName\":\"search_term_string\"}}],\"inLanguage\":\"fr-FR\"},{\"@type\":\"Person\",\"@id\":\"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/#\/schema\/person\/2b1cf3cd81a31e3cd26889ca66d677f1\",\"name\":\"cfeditorfr\"}]}<\/script>\n<!-- \/ Yoast SEO Premium plugin. -->","yoast_head_json":{"title":"Abadandaza bo mw\u2019ibarabara : bakubiswe bakiriko? - Burundi","robots":{"index":"index","follow":"follow","max-snippet":"max-snippet:-1","max-image-preview":"max-image-preview:large","max-video-preview":"max-video-preview:-1"},"canonical":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko","og_locale":"fr_FR","og_type":"article","og_title":"Abadandaza bo mw\u2019ibarabara : bakubiswe bakiriko?","og_description":"Africa-Press &#8211; Burundi. Nta musi n\u2019umwe wijana ata mukenyezi afashwe agasanzarizwa utwo ariko aradandaza harya hafi y\u2019ibituro vy\u2019amabisi mu gisagara hagati. Ugize utya, ubona abantu baca mu mirongo biruka bakinjakinja binyegeza abapolisi. None uko gushamirana n\u2019ugucenganwa bizohera ryari ? Bizohezwa n\u2019iki ? Turabire hamwe ubuzima bwa barya bagore banda ibintu hasi mu mabarabara n\u2019ico basaba. [&hellip;]","og_url":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko","og_site_name":"Burundi","article_published_time":"2023-06-16T19:06:00+00:00","author":"cfeditorfr","twitter_card":"summary_large_image","twitter_misc":{"\u00c9crit par":"cfeditorfr","Dur\u00e9e de lecture estim\u00e9e":"3 minutes"},"schema":{"@context":"https:\/\/schema.org","@graph":[{"@type":"Article","@id":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko#article","isPartOf":{"@id":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko"},"author":{"name":"cfeditorfr","@id":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/#\/schema\/person\/2b1cf3cd81a31e3cd26889ca66d677f1"},"headline":"Abadandaza bo mw\u2019ibarabara : bakubiswe bakiriko?","datePublished":"2023-06-16T19:06:00+00:00","mainEntityOfPage":{"@id":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko"},"wordCount":554,"commentCount":0,"image":{"@id":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/static.africa-press.net\/burundi\/sites\/47\/2023\/06\/Jokar1686929807.272552.jpg","keywords":["Africa Press","Africa Press-Burundi","Burundi"],"articleSection":["Communaut\u00e9","Toutes les actualit\u00e9s"],"inLanguage":"fr-FR","potentialAction":[{"@type":"CommentAction","name":"Comment","target":["https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko#respond"]}]},{"@type":"WebPage","@id":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko","url":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko","name":"Abadandaza bo mw\u2019ibarabara : bakubiswe bakiriko? - Burundi","isPartOf":{"@id":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/#website"},"primaryImageOfPage":{"@id":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko#primaryimage"},"image":{"@id":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko#primaryimage"},"thumbnailUrl":"https:\/\/static.africa-press.net\/burundi\/sites\/47\/2023\/06\/Jokar1686929807.272552.jpg","datePublished":"2023-06-16T19:06:00+00:00","author":{"@id":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/#\/schema\/person\/2b1cf3cd81a31e3cd26889ca66d677f1"},"breadcrumb":{"@id":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko#breadcrumb"},"inLanguage":"fr-FR","potentialAction":[{"@type":"ReadAction","target":["https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko"]}]},{"@type":"ImageObject","inLanguage":"fr-FR","@id":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko#primaryimage","url":"https:\/\/static.africa-press.net\/burundi\/sites\/47\/2023\/06\/Jokar1686929807.272552.jpg","contentUrl":"https:\/\/static.africa-press.net\/burundi\/sites\/47\/2023\/06\/Jokar1686929807.272552.jpg","width":2560,"height":1707,"caption":"Abadandaza bo mw\u2019ibarabara : bakubiswe bakiriko?"},{"@type":"BreadcrumbList","@id":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/politique\/abadandaza-bo-mwibarabara-bakubiswe-bakiriko#breadcrumb","itemListElement":[{"@type":"ListItem","position":1,"name":"Accueil","item":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/"},{"@type":"ListItem","position":2,"name":"Abadandaza bo mw\u2019ibarabara : bakubiswe bakiriko?"}]},{"@type":"WebSite","@id":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/#website","url":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/","name":"Burundi","description":"Just another Africa News Agency Sites site","potentialAction":[{"@type":"SearchAction","target":{"@type":"EntryPoint","urlTemplate":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/?s={search_term_string}"},"query-input":{"@type":"PropertyValueSpecification","valueRequired":true,"valueName":"search_term_string"}}],"inLanguage":"fr-FR"},{"@type":"Person","@id":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/#\/schema\/person\/2b1cf3cd81a31e3cd26889ca66d677f1","name":"cfeditorfr"}]}},"_links":{"self":[{"href":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/10373","targetHints":{"allow":["GET"]}}],"collection":[{"href":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/wp-json\/wp\/v2\/posts"}],"about":[{"href":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/wp-json\/wp\/v2\/types\/post"}],"author":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/wp-json\/wp\/v2\/users\/82"}],"replies":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/wp-json\/wp\/v2\/comments?post=10373"}],"version-history":[{"count":0,"href":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/wp-json\/wp\/v2\/posts\/10373\/revisions"}],"wp:featuredmedia":[{"embeddable":true,"href":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/wp-json\/wp\/v2\/media\/10372"}],"wp:attachment":[{"href":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/wp-json\/wp\/v2\/media?parent=10373"}],"wp:term":[{"taxonomy":"category","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/wp-json\/wp\/v2\/categories?post=10373"},{"taxonomy":"post_tag","embeddable":true,"href":"https:\/\/www.africa-press.net\/burundi\/wp-json\/wp\/v2\/tags?post=10373"}],"curies":[{"name":"wp","href":"https:\/\/api.w.org\/{rel}","templated":true}]}}